1st VERSE
Hiyo iwacu iyo nakuriye
Habaye umwana yari intore
Yari umuyabaga yarezwe runtu
Yari akarorero murunganwe
Uyo mwana ni katihabwa
Yarakunzwe eka yarakundwa
Yari umukirisu ntiyasiba misa
Niko yarezwe ntiyahemuka
CHORUS
Yitwa tiro ry’inka
Yasa n’irenga
Yitwa tiro ry’inka
Yasa n’irirenga
Yitwa tiro ry’inka aaah
Yasa n’irirenga
2nd VERSE
Aho yankunda naje nkamukunda
Sije namujanye ihibambewe
Barayamaze ngo ‘Hayaga abangana.’
Abatware nibo bamuntwaye
CHORUS
Yitwa tiro ry’inka
Yasa n’irenga
Yitwa tiro ry’inka
Yasa n’irirenga
Yitwa tiro ry’inka aaah
Yasa n’irirenga
3rd VERSE
Nzokwama nicara
Kuri kagasozi
Kumucamo
Hamwe yahora aca
Nzotega amaso
Y’uko yogaruka
Aze anzaniye wamutima
CHORUS
Yitwa tiro ry’inka
Yasa n’irenga
Yitwa tiro ry’inka
Yasa n’irirenga
Yitwa tiro ry’inka aaah
Yasa n’irirenga
Yitwa tiro ry’inka
Yasa n’irenga
Yitwa tiro ry’inka
Yasa n’irirenga
Yitwa tiro ry’inka aaah
Yasa n’irirenga