BURUNDI Song’s lyrics: MBWIRA IGITUMA by Africa Nova, edited by GAD BRIGHTON

 

Africanova 1 copy

Mbwira igituma wampenze

Wambwiye ko atakibuza

Niwaronka umwanya uzoza

None nararindiriye eeeh

Cane nararushe eeeh

Amaso yaheze munzira

Ko utaje ni ibiki hewe

 

Mbwira igituma wambeshe

Wavuze ko atangorane

Ntihazorenga kabiri utaje

None naraharuye ibibarwa narananiwe eeh

Ivyo arivyo vyose ni ibiki

Ko utansiguriye hewe

 

Mbwira igituma wandyosharyosha umbwira

Ko atawundi n’umwe ari mubuzima bwawe

Kiretse jewe jenyene

Menya ko wambabaje

Urukundo nari naragukunze

Narwo rupfuye ubusa hewe

 

Aho rero wiyumviriye

Ko ukerebutse

Aho rero wabonye

Ko aribwo bwenge

Buzogutungira ubuzima

Kutavuga ukuri uuuuh

Nivyo ugize umwuga wawe

Kutavuga ukuri uuuh

 

Ugahengera bugorovye

Ukihereza igisagara

Uyerera m’ubunywero

Wihonga k’uwomuhuye

Uyerera mumabarabara wihonga

Ikinjoreza kikantangaza aaah aaah si ikindi

N’uko washoboye kunyiyereka

Uko utari

Nkagukunda nkwizigiye neza

Ko uri umupfasoni

Sintegere ko wampemukiye kuva kera

 

 

Mbwira igituma wampenze

Wambwiye ko atakibuza

Niwaronka umwanya uzoza

None nararindiriye eeeh

Cane nararushe eeeh

Amaso yaheze munzira

Ko utaje ni ibiki hewe

 

Mbwira ukugene wubahutse

Kwikora munda

Wovuga ko wabitumwe n’iki

Ntiwari ugowe ntiwari ugwaye

Ntiwari umurushwa aaah

Ico caha wagirizwa

Ubona uzokigira iki hewe

 

Aho rero wiyumviriye

Ko ukerebutse

Aho rero wabonye

Ko aribwo bwenge

Buzogutungira ubuzima

Kutavuga ukuri uuuuh

Nivyo ugize umwuga wawe

Kutavuga ukuri uuuh

Ugahengera bugorovye

Ukihereza igisagara

Uyerera m’ubunywero

Wihonga k’uwomuhuye

Uyerera mumabarabara wihonga

Ikinjoreza kikantangaza si ikindi

N’uko washoboye kunyiyereka

Uko utari

Nkagukunda nkwizigiye neza

Ko uri umupfasoni

Sintegere ko wampemukiye kuva kera

 

 

Publié par Gad Brighton

GAD BRIGHTON is a Burundian artist founder at Youth Ability Association. He helps young people to discover their talents and turn them into business or career.

2 commentaires sur « BURUNDI Song’s lyrics: MBWIRA IGITUMA by Africa Nova, edited by GAD BRIGHTON »

Laisser un commentaire